Ku wa kabiri uheze, Sentare ya Muha yarafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo abarundi 8 bari batahanywe ku nguvu, banyurujwe bavanywe mu gihugu ca Tanzaniya bari bahungiyemwo. Bakaba bagirizwa kwifatanya n’imirwi irwana. Ishirahamwe CBDH/VICAR, rihanira agateka k’impunzi, riratera ivyatsi iryo fungwa kubera ribona ko riteye kubiri n’amategeko. Ivyo tubishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe.
Amakuru
4 mars 2021
