Amakuru
3 mars 2021

Leta y’igihugu ca Etiyopiya iraremerewe n’ivyegeranyo bitandukanye vyerekana ko hakozwe ubwicanyi bw’ikivunga mu karere ka Tigré

Leta y’igihugu ca Etiyopiya iraremerewe n’ivyegeranyo bitandukanye vyerekana ko hakozwe ubwicanyi bw’ikivunga mu karere ka Tigré. Ayo mabi akaba yakozwe ahanini n’abasirikare b’abanya Erythréa bari baje gufasha igisoda ca Etiyopiya. Amakungu akaba ariko asaba ko haba amatohoza yigenga kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane.