Amakuru
30 août 2024

Ikirundi kigiye gushirwa imbere mu kugisanga ku mbuga zikoresha ubuhinga bwa none

Ururimi rw’ikirundi rukwiye gushirwa imbere nk’izindi ndimi mu kurushira ku mbuga zisanzwe zikoresha ubuhinga bwa none. Ivyo bikazotuma urwo rurimi rushobora kuvugwa neza kandi n’abantu benshi, baba Abarundi baba mu Burundi canke n’Abarundi baba hanze. Ivyo bivugwa n’umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi, Ferdinand Mberamihigo, mu gihe hariko haraba uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku kungene urwo rurimi rwoshirwa ku rubuga rwa Google. Umushikiranganji wo Kumenyesha amakuru akaba yaremeye gushikana imbere ico kibazo kugira haboneke inyishu nziza.