Amakuru
1 mars 2021

Ubwicanyi bumaze iminsi bwimonogoje mu makambi y’impunzi mu gihugu ca Tanzaniya

Ubwicanyi bumaze iminsi bwimonogoje mu makambi y’impunzi mu gihugu ca Tanzaniya. Bivugwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu CBDH/VICAR. Akaba yabivuze inyuma y’aho hari impunzi yindi iheruka kwicwa mw’ikambi ya Nyarurugusu mu gihugu ca Tanzaniya, kuri uyu wa gatandatu uheze. Léopold Sharangabo ariyamiriza ubwo bwicanyi agasaba leta ya Tanzaniya na HCR gukora uko bashoboye kugira ubwo bwicanyi buhagarare.