Amakuru
31 juillet 2024

Ishirahamwe PARCEM risaba leta kugira ubushakashatsi bukomeye ku bijanye n’ubutare buvugwa i Busoni

Imbere yo kumenya ko ahantu hari ubutare, hakenerwa vyinshi utanguriye ku vyigwa vyimbitse vy’aho hakekwa kuba hari ubwo butare. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe PARCEM, inyuma y’aho umukuru w’Igihugu atangarije ko hari ikinogo kirimwo ubutare i Busoni mu Kirundo. Kubwa Faustin Ndikumana, arongoye iryo shirahamwe, avuga ko mu bindi bikomeye bikenewe, ari ukugira abahinga banonosoye ivy’ubutare, hanyuma igihugu kigahingura ubutare bwaco kugira kihungukire. Ariko rero ivyo vyose kugira bishoboke, ni uko leta yobanza ikisuzuma, ikaraba ivyatumye ivyakozwe ubwa mbere bitagenda neza.