Amakuru
28 juillet 2024

Abantu bokurikiza ingingo zo kwikingira kugira ntibafatwe n’ibihara vy’inguge (L. Baradahana)

Abantu batatu bari bakiriwe ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled, ku bitaro vy’abasirikare mu Kamenge hamwe no ku bitaro vyo muri komine Isare y’intara ya Bujumbura baratowe kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro indwara y’akaranda y’ibihara vy’inguge bita mu gifaransa variole du singe. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa kane mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu. Muganga Lydwine Baradahana, umushikiranganji w’Amagara y’abantu, avuga ko iyo ndwara yandukira cane kandi yica n’ingoga iyo umuntu atayivuje kare. Uwo mushikiranganji agahamagarira Abarundi n’abanyamahanga kwubahiriza ingingo zo kwikingira ico kiza.