Kuri uyu wa mbere ni ho hatanguzwa igice ca kabiri co gusanura ibitaro vya King Faisal mu Rwanda. Mu birori vyo gutanguza ivyo bikorwa, Frédéric Ngirabacu, icegera c’umuyobozi mukuru w’ibitaro Faisal, yamenyesheje ko ivyo bikorwa bizokwihutishwa kugira ababitura batangure kuronka ubuvuzi bwa kijambere, baba Abanyarwanda co kimwe n’abandi bava ku mugabane wa Afrika bahora baja kwivuza i Buraya n’ahandi. Kwagura ivyo bitaro ngo kuzotuma abantu bahora bakirwa mu bakenera ibitaro, barwizwa na gatatu.
Amakuru
25 juillet 2024