Amakuru
20 juillet 2024

Abakozi ba leta bahabwa amabanga bazobanza gukarihirizwa ubwenge (V. Muyabaga)

Abakozi ba leta bazohora bahabwa amabanga mu bafata ingingo, bazobanza kuja gukarihirizwa ubwenge mu vy’intwaro mw’ishure ENA kugira bamenye ibibajanye n’ivyo basabwa. Ivyo vyamenyeshejwe muri ino ndwi mu nama yahuje umushikiranganji w’Abakozi n’akazi, Vénuste Muyabaga, hamwe n’abakozi ba leta mu ntara ya Rumonge. Yarongeye aramenyesha ko ico kibazo kizokwigirwa hamwe n’ibindi mu nama rukokoma y’ibijanye n’akazi ka leta itegekanijwe mu kwezi kwa Myandagaro.