Urubanza rwo gufungwa imyaka yose ruherutse gucirirwa bamwe mu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, abamenyeshamakuru n’abanyepolitike ngo ruri mu rukurikirane rw’ivyagiye birakorwa n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD mu gukoresha ubutungane. Ico gisata c’ubutungane kikaba cahindutse igikoresho co gukandamiza abo bose leta idashaka. Bivugwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE, akaba n’umwe mu baciriwe urwo rubanza. Avuga ko urwo rubanza ata n’ubwoba ruteye kuko hari n’abagandaguwe muri iyo nzira nyene y’urwanko rwa CNDD-FDD.
Amakuru
27 février 2021