Urunani CFOR-Arusha ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta, ruvuga ko amajambo y’umukuru w’Inama nshingamateka, Gélase Daniel Ndabirabe, ari amajambo ateye isoni aho avuga ko hakwiye kugarukanwa igihano co gupfa kuri uwo wese yofatwa ariko agurisha mu kinyegero igitoro. Jean Bosco Rwigemera, icegera c’uwurongoye urwo runani, abona ahubwo ko umengo abategetsi b’igihugu basa n’abataye umutwe mu gufata abanyagihugu nk’ibijuju mu kwama bavuga ko ibintu bigenda neza kandi vyarayangaye.
Amakuru
14 juin 2024
