Amakuru
4 juin 2024

Ishirahamwe PARCEM riranegura ugucerwa kuboneka mu vyegeranyo vy’Ibanki nkuru y’igihugu

Ishirahamwe PARCEM risaba abarongoye Ibanki nkuru y’igihugu kuza barashikiriza ku gihe ingene ubutunzi bw’igihugu bwifashe. Faustin Ndikumana, arongoye PARCEM, akavuga ko icegeranyo c’amezi atatu ya mbere y’uno mwaka, casohotse kitakijanye n’igihe, kuko hagiye guhera ayandi mezi atatu. Uwo arongoye PARCEM avuga kandi ko ivyo vyegeranyo n’aho bisohoka, ubuzima bw’abanyagihugu buguma butera busubira inyuma. Asaba nyabuna Ibanki nkuru y’igihugu gufata mu minwe ikibazo c’amafaranga y’agaciro.