Amakuru
29 mars 2024

Sentare ntahinyuzwa yumvirije uwahoze arongoye Mpimba inyuma y’amasaha atandatu arindiriye

Kuri uno wa kane, uwahoze arongoye ibohero rya Mpimba yarengukijwe imbere ya Sentare ntahinyuzwa. Serge Nibigira akaba yari kumwe n’umwe mu bo bakorana muri iryo bohero. Abandi batanu basangiye idosiye bakaba batashoboye kurenguka. Bagirizwa bose kuba bararekuye umuntu yishe Imbonerakure ayituriye. N’aho vyagoranye, Serge Nibigira n’uwo bari kumwe bakaba bahavuye bumvirizwa mu mwiherero ku muhingamo mu gisata ca Sentare ntahinyuzwa i Bujumbura.