Amakuru
23 février 2021

Anésie Hakizimana, umupfakazi afise abana 6, arasaba ko Isidore Mbayahaga, yahoze ari umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe ONATEL amusubiza 5.800 vy’amafaranga y’amadolari y’abanyamerika

Anésie Hakizimana, umupfakazi afise abana 6, arasaba ko Isidore Mbayahaga, yahoze ari umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe ONATEL amusubiza 5.800 vy’amafaranga y’amadolari y’abanyamerika. Nk’uko biboneka ku rupapuro rw’amasezerano Mbayahaga yashizeko umukono, ayo mafaranga yayahawe n’umuhisi Mathias Haranungarawe, umugabo wa Anésie Hakizimana mu kwezi kwa Rusama, umwaka 2014, kugira amugurire ikibanza muri komine ya Buterere yo muri ico gihe. Inyuma y’aho Haranungarawe yitabiye Imana, Mbayahaga ntiyigeze ashaka kuvugana n’umuryango usigaye kugira abasubize ayo mafaranga, canke abashikirize ico kibanza.