Evariste Ndayishimiye akwiye akaruhuko kugira aronke umwanya wo kwisuzuma. Iyo ni impanuro ya Chauvineau Mugwengezo, umukuru w’umugambwe UPD-Zigamibanga. Akaba abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu avugiye ko Abarundi bahimbawe kubera ata co babuze. Evariste Ndayishimiye yabivuze ku munsi wa gatandatu itariki 16 Ntwarante yahariwe Abakenyerarugamba. Chauvineau Mugwengezo akabona ko iyo mvugo ari iyo gushinyaguriza abanyagihugu bari mu bukene ntangere.
Amakuru
18 mars 2024