Amakuru
29 février 2024

Abakorera mu gisata c’amahoteli basaba y’uko amatagisi agabanurwa ku neza y’igisata c’ingenzi

Abakorera mu gisata c’amahoteli n’ingenzi mu Burundi basaba leta gusubiramwo amatagisi atangishwa mu mahoteli kugira bifashe mu guteza imbere ico gisata hamwe n’ic’ubukerarugendo mu gihugu. Ico cipfuzo cashikirijwe mu nama rukokoma iriko ibera i Bujumbura, yiga ikibazo c’igisata c’ingenzi. Herman Ndayisaba, arongoye ihuriro ry’amahoteli mu Burundi, amenyesha ko ico gisata kiriko gica mu bibazo vyinshi kuva haje ikiza c’umugera wa Corona.