Amakuru
7 février 2024

Abana bo mw’ibarabara bimuriwe mu Cankuzo kugira bategure kazoza kabo badasamara

Abana n’abakuze barenga amajana atanu ni bo bakuwe mu mabarabara mu bisagara bitandukanye bajanwa mu ntara ya Cankuzo. Bishikirizwa na Ildephonse Majambere, umuvugizi w’ubushikiranganji bwo Gufatana mu nda, hari kuri uyu wa kabiri itariki 6 Ruhuhuma. Akamenyesha kandi ko iyo ntara ya Cankuzo yahiswemwo kuko iri kure y’igisagara, ivyo bikazofasha abo bana kwiyumvira ku buzima bwabo ata kibasamaza.