Amakuru
19 janvier 2024

Kuva ubu kuriha REGIDESO kuzoca ku buhinga ngurukanabumenyi butanzwe n’amabanki (Manigomba)

REGIDESO yashizeho uburyo bushasha bwo kuriha. Kuva ubu, abanywanyi bayo bazoriha babicishije mu buryo ngurukanabumenyi bazohabwa n’amabanki. Vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru wa REGIDESO, Jean Albert Manigomba. Avuga ko ubwo buryo bushasha bwo kuriha buzanye akarusho ku baguzi nko kubatwara umwanya muto cane. Ariko na cane cane gutuma REGIDESO idasubira kugira igihombo kinini nk’uko vyahora.