Agriculture
9 janvier 2024

Kugurira umurimyi ibigori ku giciro ciza kuzotuma abadandaza babarangurira neza (P. Dodiko)

Umurimyi ntategerezwa guhomba kubera umwimbu w’ibigori wabaye mwinshi. Ni co gituma leta igiye gushinga igiciro ku kilo gishimishije. Ivyo bitangazwa n’umushikiranganji w’Uburimyi. Ir Prosper Dodiko yariko atanguza isekeza ry’uguca ibigori mu Kayanza ku munsi wa gatanu w’indwi iheze. Akavuga ko ugushinga igiciro nk’ico kuzotuma abadandaza bitwara neza mu kurangura.