Umukuru w’Igihugu c’Uburundi aragiriza ku mugaragaro igihugu c’Urwanda kuba ari co kiri inyuma y’igitero cakozwe ku mihana yo ku mutumba Vugizo, muri zone Gatumba intara ya Bujumbura. Yabivuze kuri uyu wa gatanu, mu kiganiro ku banyagihugu yaremesheje mu ntara ya Cankuzo, mu buseruko bw’Uburundi. Evariste Ndayishimiye ntakekeranya mu kwemeza ko abateye ari umurwi ufashwe mu mugongo n’igihugu c’Urwanda kugira bahungabanye umutekano w’Uburundi. Ku bwiwe, ibiganiro vyaranse kugira iyo mirwi ishikirizwe ubutungane bw’Uburundi.
Amakuru
30 décembre 2023