Amakuru
22 décembre 2023

Urugendo rw’Urumuri rw’amahoro ni ikimenyetso c’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu (Ndayishimiye)

Uburundi burangwa n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu n’umutekano. Vyemezwa na Evariste Ndayishimiye. Yabivuze ku munsi wa kabiri itariki 19 Kigarama, aho mu Burundi hahimbarizwa rimwe iminsi ibiri mpuzamakungu : uw’agateka ka zina muntu n’uw’amahoro. Kuri uwo munsi nyene ukaba ari ho hasozerwa urugendo rw’Urumuri rw’amahoro.