Amakuru
17 février 2021

Mu gihugu ca Guinée Conakry, hasubiriye gutera ikiza Ebola

Mu gihugu ca Guinée Conakry, hasubiriye gutera ikiza Ebola. Ni inyuma y’aho cibonekeje mu gice c’ubumanuko burengera ubuseruko. Kugeza ubu, leta yemeza ko hamaze kwitaba Imana abantu batanu, abandi 12 bayirwaye, n’125 bamaze kumenyekana ko bigeze kuba bari kumwe n’abo bambere, cas contacts mu gifaransa. Ku munsi wa mbere, leta ikaba yarafashe ingingo za mbere zijanye no gukingira aho iyo ngwara yateye.