Mu ntara ya Gitega hariko harabera ihayanishwa kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika ku rya 5 Kigarama. Iryo hayanishwa rihuza amashirahamwe arenga 30 harimwo amabanki, amashirahamwe ya leta n’ay’abikorera ivyabo, n’amashirahamwe akorera mu gisata ndangakaranga. Umushikiranganji w’Ikigega ca leta yuguruye iryo hayanishwa, yamenyesheje ko rije mu gihe ciza c’iterambere aho abinjiza ibicuruzwa canke ibindi mu kubimenyekanisha no kubirihira amakori n’amatagisi biba hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi, ivyo bita télédéclaration na télépaiement mu gifaransa. Akavuga ko bifasha cane mu gukoresha umwanya muto no kugabanya ubusuma muri ico gisata.
Amakuru
4 décembre 2023