Igisata c’abarwizatunga ntigishobora gutera imbere mu gihe leta iguma mu majambo meza gusa ntishire mu ngiro ivyo iba yiyemeje. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM. Aho ni inyuma y’aho habereye inama bise « Umuzinga Day » yahuje abarwizatunga batandukanye na leta mu ntumbero yo guteza imbere igisata c’abikorera utwabo. Faustin Ndikumana akabona ko ivyari vyapfunditswe muri iyo nama rukokoma bitashizwe mu ngiro.
Amakuru
1 décembre 2023