Amakuru
29 novembre 2023

Amazu yaguzwe hanze n’abarwizatunga b’abasuma arashobora gufatwa (Evariste Ndayishimiye)

Abarwizatunga baragira umwumvikano n’abakozi ba leta kugira bibe igihugu. Bavyagirizwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Hari mu nama igira kabiri bise Umuzinga Day yatanguye kuri uyu wa mbere. Iyo nama yari iyo kurabira hamwe, abajejwe intwaro be n’abarwizatunga, ukuntu Uburundi bwoshika mu mwaka w’2040 ari igihugu cisununuye. Evariste Ndayishimiye yibutsa abiba amafaranga baja kugura amazu hanze ko na yo nyene igihugu gishobora kuzoyafata.