Mu gukurikirana neza amagara y’umupfasoni yibungenze ngo ni vyiza ko aja kwa muganga kenshi gashoboka. Ivyo ni ibisabwa na muganga Ananie Ndacayisaba, umuyobozi w’umugambi w’igihugu ujejwe irondoka rijanye n’amagara meza. Hari ku munsi wa kabiri mu gihe hariko haba inama yahuje abo mu bihugu vya Afrika bikoresha ururimi rw’igifaransa mu ntumbero yo kugabanya mu myaka iri imbere impfu z’abavyeyi bibungeze n’abana bapfa bakivuka. Agasaba kandi abavyeyi bibungenze kunyarukira kwa muganga igihe cose babonye ibimenyetso mburizi.
Amakuru
23 novembre 2023
