Amakuru
18 novembre 2023

Urwaruka ntiruzi ko hariho ibanki yo gushigikira imigambi rufise (umushikiranganji w’Akazi)

Benshi mu rwaruka ntibazi ibijanye n’ibanki BIJE ifasha mu migambi yarwo, be n’iyindi migambi yashizweho kugira ifashe urwaruka rukora imigambi y’iterambere. Bivugwa na Venuste Muyabaga, umushikiranganji w’Akazi. Hari mu ntumbero yo gutanguza indwi mpuzamakungu yahariwe gukora imigambi y’iterambere. Venuste Muyabaga amenyesha ko hagiye kuba isekeza ryo guhimiriza urwaruka kugira rumenye ayo mahirwe rufise.