Amakuru
15 novembre 2023

Ishirahamwe mpuzamakungu ryo kurwanya diabète risaba ko abayirwaye bavurwa ku buntu

Abarundi barenga 200 000 ni bo bagendana indwara y’igisukari (diabète). Biri mw’ikete Jérôme Kazabukeye, ari mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryo kurwanya igisukari, yarungikiye umushikiranganji w’Amagara y’abantu. Hari kuri uyu wa 14 Munyonyo ku munsi mpuzamakungu wahariwe diabète. Ishirahamwe mpuzamakungu ryo kurwanya igisukari risaba umushikiranganji w’Amagara y’abantu gufasha kugira abanyagihugu bose boroherezwe mu kwivuza, abagendana diabète na bo babonereho.