Amakuru
16 février 2021

Mu mabanga atandukanye mu Burundi, hagenwa abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi gusa, abo mu yindi migambwe yose barakumiriwe

Mu mabanga atandukanye mu Burundi, hagenwa abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi gusa, abo mu yindi migambwe yose barakumiriwe. Agathon Rwasa, arongoye umugambwe CNL, yabivugiye mw’ikoraniro ry’uwo mugambwe kuri uyu w’Imana igihe abanywanyi biwe bari baramutse bahimbaza isabukuru y’imyaka 2 umugambwe CNL wemerewe gukora imbere y’amategeko. Agathon Rwasa akabona ko ata kamaro ko ubutegetsi buririmba ubumwe mu gihe ubwo butegetsi nyene burangwa no gukumirana.