Igihe cose igenekerezo rya 21 Gitugutu rigeze, nibuka abavyeyi banje n’abo tuvukana 4 bishwe bunyamaswa mu 1993. Bivugwa na Eric Manirakiza, imvukira yo muri komine Rutegama. Amenyesha ko ico gihe umuryango wiwe wose wahonejwe bazira ko ari Abatutsi. Eric Manirakiza amenyesha ko ikimubabaza gusumba vyose ari uko azi aho bataye umuryango wiwe mu kinogo rusangi ariko adashobora kubashingurana iteka.
Amakuru
28 octobre 2023