Abana barenga ibice 71% ni bo baronkejwe urucanco rw’indwara y’ubukangwe mu gice kigira kabiri c’isekeza ryo gucandaga iyo ndwara. Bishikirizwa na muganga Alice Ndayishimiye, arongoye ishirahamwe ry’abaganga bavura abana mu Burundi, mu kiganiro categuwe n’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu. Hari kuri uyu wa kabiri uheze. Kakaba kabaye n’akaryo kandi ko guhimiriza abavyeyi kwitabiri igice ca gatatu c’iryo sekeza ryo gucandaga abana kugira ico kiza gituzwe. Yaranasavye ko abavyeyi bamwe bamwe bojijuka bakava mu bintazi bibabuza gucandagisha abana.
Amakuru
26 octobre 2023