Amakuru
16 octobre 2023

Amaligala ni yo atera abasuma n’abagizi ba nabi (icegera ca kabiri c’umukuru w’Inama nkenguzamateka)

Abajejwe intwaro n’igipolisi bahamagarirwa kurwanya amaligala. Ako kamo gaterwa n’icegera ca kabiri c’uwurongoye Inama nkenguzamateka. Fabrice Nkurunziza yabivuze mu gihe yariko arafasha mu bikorwa rusangi vyo kwubaka inyubakwa nshasha ya komisariya i Muyinga ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze. Akavuga ko amaligala ari yo atuma haba umutekano muke.