Amakuru
3 octobre 2023

PARCEM ibona ko ukudahana n’akarenganyo biri mu bituma ugukoresha ingimba kubandanya mu gihugu

Ku wa 2 Gitugutu uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kudakoresha ingimba mu buzima bwa minsi yose (Non-violence). Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama, ribona ahubwo ko ugukoresha ingimba kwiraye mu Burundi. Rigasigura ko vyose biva cane cane ku kudahana ivyaha, akarenganyo kimonogoje n’ikumirwa ritagira izina. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, ahamagarira leta gukora ibishoboka vyose ngo irwanye ako karanda.