Igenekerezo rya 27 Nyakanga uko umwaka utashe, isi irahimbaza Umunsi mpuzamakungu wahariwe igisata c’ingenzi. Ico gisata kikaba gifitiye akamaro kanini ibihugu bitaratera imbere kuko gituma mu gihugu hinjira amafaranga y’agaciro. Ku bwa Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, ngo Uburundi bufise ibintu vyinshi vyo kuranga vyotuma ubutunzi bw’igihugu bwisununura. Ariko ngo ikibabaje ni uko mu bihugu vyo muri kano karere, Uburundi ari ubwa nyuma bwinjiza amafaranga make ava muri ico gisata. Faustin Ndikumana avuga ko leta ikwiye kwicarira ico kibazo ikanafata ingingo kugira ico gisata cinjize amafaranga menshi y’agaciro.
Amakuru
29 septembre 2023