Amakuru
21 septembre 2023

Inyishu ku kibazo c’abaganga bata akazi mu Burundi bakaja hanze, ziri mu minwe y’umukuru w’Igihugu

Umukuru w’Igihugu ni we wenyene afise ivyo yohindura kugira Abarundi b’incabwenge bata akazi bakaja gukorera mu mahanga babihagarike. Ivyo bivugwa n’umwigisha w’Umurundi mu ma kaminuza y’i Buraya, Libérat Ntibashirakandi, inyuma y’aho umushikiranganji w’Amagara y’abantu amenyeshereje imbere y’abashingamateka y’uko abaganga bashika 130 bahora bakora mu bitaro biharurwa kuri 80 bahevye akazi mu kiringo c’imyaka itatu gusa. Libérat Ntibashirakandi yemeza ko mu bituma harimwo politike mbi y’igihugu izana umutekano muke n’ubukene, maze izo ncabwenge zigata igihugu atari uko zicanka.