Amakuru
15 septembre 2023

PARCEM ibona ko igihugu kigifise intambwe nyinshi zo gutera kugira intwaro rusangi ishinge imizi

Mu gihe isi ihimbaza kuri uno wa 15 Nyakanga, umunsi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi, ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, ribona ko mu Burundi inkingi z’intwaro rusangi zitubahirijwe na gato. Faustin Ndikumana, arongoye PARCEM ku rwego rw’igihugu, atanga uturorero nko mu bijanye no gutanga akazi, ngo hakwisunga ubushobozi bw’umuntu, bisunga ivy’imigambwe, kudakorera ku mugaragaro mu gutunganya ibikorwa, kutihanganirana kw’abanyamigambwe, ukudahana ivyaha, gukwegera mu vya politike urwaruka n’abandi. Ivyo vyose ngo bituma igihugu kidashobora gutera imbere. Faustin Ndikumana atera akamo imigambwe na cane cane uwuri ku butegetsi guhindura ingendo, maze igakora ku neza y’abanyagihugu bose.