Amakuru
13 septembre 2023

Ibikorwa vy’ubucamanza birabangamiwe n’abakomisyoneri

Abarongoye amadini atandukanye n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, nk’amashirahamwe ahurikiyemwo Abarundi benshi, basabwa guterera mw’ironderwa ry’inyishu ku kibazo gihanze ubutungane bw’Uburundi. Akamo katewe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye mu nama yagiranye n’abaserukira amashengero n’amashirahamwe mu ndwi iheze. Evariste Ndayishimiye akanegura ingene mu bikorwa vy’ubutungane hasigaye hibonekezamwo abahuza uruhande rumwe mu matati hamwe n’abacamanza.