Amakuru
6 septembre 2023

Abanyagihugu b’i Mwaro ntibahuza ku kibazo c’ibitigiri vy’amoko mu nzego z’igihugu

Gukuraho canke kugumizaho ivyo guserukirwa mu nzego hubahirijwe ibitigiri vy’amoko, abanyagihugu bo mu ntara ya Mwaro ntibabihurizako. Vyibonekeje mw’ikoraniro Fabrice Nkurunziza, icegera ca kabiri c’umukuru w’Inama nkenguzamateka, yagirishije abaserukira abandi muri iyo ntara kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 4 Nyakanga. Inama nkenguzamateka isaba abarongoye imitumba yo muri iyo ntara guha ijambo abanyagihugu batwara kuri ico kibazo.