Imyidogo y’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ku bijanye n’ubutungane bw’Uburundi irerekana ko afise ubushobozi buke kugira ashobore kugira ico ahinduye kubera vyose bitegekwa n’umugambwe arimwo CNDD-FDD. Uko ni kwo bibonwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rwa politike CFOR-Arusha, akaba yarabaye n’Icegera c’umukuru w’Igihugu. Akaba abivuze inyuma y’imyidogo y’umukuru w’Igihugu ku munsi wa gatanu uheze avuga ko abacamanza ari bo bishe ubutungane, akongera agatera intege bake muri bo bakora neza. Bamvuginyumvira abona ko iyo umukuru w’Igihugu aba yari abishoboye yobanje guhindura ibikorerwa mu mugambwe wiwe na we nyene ubwiwe yubatse igihe yari ajejwe amabanga atandukanye haba mu mugambwe canke mu nzego z’igihugu, bitabaye uko agatanga imihoho.
Amakuru
6 septembre 2023