Amakuru
10 février 2021

Ibikorwa bitari bike vyararanguwe mu gisata c’indero mu mwaka uheze w’2020

Ibikorwa bitari bike vyararanguwe mu gisata c’indero mu mwaka uheze w’2020. Muri ivyo bikorwa, hakaba harimwo gutanga ubuzi ku bigisha 1000 mu mashure atandukanye y’igihugu, kunagura abarimu ngo bashobore gutanga inyigisho zifise akanovera, hamwe n’ibindi. Bishikirizwa na Gaspard Banyankimbona, umushikiranganji w’indero, mw’itangazo ry’ubwo bushikiranganji ryo kuri uyu wa 09/02/2021.