Umupolisi Jérôme Niyonkuru ari mu minwe y’igipolisi c’inyamiramabi kubera yagirizwa icaha co gutyoza urwego rw’igipolisi. Bitangazwa n’umuvugizi w’igipolisi colonel Désiré Nduwimana. Abimenyesheje inyuma y’ireresi zaciye ku mbuga ngurukanabumenyi zerekana umupolisi Jérôme Niyonkuru ariko arasemerera yagiriza bagenzi we kurya ibiturire. Umuvugizi w’igipolisi avuga ko uwo mupolisi atigeze yerekana ivyemezo vy’abarya ibiturire ari co gituma bica bifatwa ko ari gucafuza urwego.
Amakuru
10 août 2023