Amakuru
4 août 2023

Gutunganya nabi imigambi n’ukurya ibiturire, intandaro nyamukuru y’iduzwa ry’ibiciro vy’ivyankenerwa

Iduga ry’ibiciro vy’ivyankenerwa ryimonogoje mu Burundi ririko ritumwa n’uko igihugu kiri mu ngorane zidasanzwe z’ubutunzi, nk’uko bibonwa na Faustin Ndikumana. Uwo muhinga mu vy’ubutunzi akaba anarongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo ngo bashike kw’iterambere rirama, asigura ko ingeso y’ibiturire, gusesagura amatungo ya leta no kudatunganya neza imigambi ari yo ntandaro y’ingorane igihugu kirimwo. Ku bwiwe, leta ikwiye gufata ingingo zihutirwa zikomeye harimwo intwaro ibereye no gukorana n’abahinga bavyumva bashobora kubogora ubutunzi bw’igihugu.