Ikibazo co gukumirana hisunzwe ubwoko kiguma cunyuka ha kugabanuka. Bivugwa na Olivier Nkurunziza, arongoye unugambwe UPRONA. Hari kuri uyu wa 31 Mukakaro, aho Inama nkenguzamateka yariko yugurura ibiganiro vyo gusuzuma ko bigikenewe ko ibitigiri vy’amoko vyubahirizwa mu nzego. Umugambwe UPRONA ubona ko ahubwo Inama nkenguzamateka ikwiye kuraba ko iserukirwa ry’ubwoko bwose riri ku rugero ruhagije ha kwiyumvira gufuta itegeko ritegekanya ibitigiri.
Amakuru
3 août 2023