Amakuru
29 juillet 2023

Ubutegetsi bwasambuye amasezerano ya Arusha ntibushobora gusangira ubutegetsi n’ubwoko bwose

Abarundi ntibakwiye gusamazwa n’ivyo guhindura kugabanganya ubutegetsi hisunzwe ubwoko. Biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’urunani CFOR-Arusha kuri uyu wa 27 Mukakaro. Ni inyuma y’itangazo ry’Inama nkenguzamateka rimenyesha ko iryo suzuma rigiye gutangura. Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urwo runani, amenyesha ko ivyo vy’ibitigiri mu nzego bitari bisanzwe vyubahirijwe kuko CNDD-FDD iri ku butegetsi itigeze yemera gusangira ubutegetsi n’abandi.