Amakuru
20 juillet 2023

Iyinjira ry’Uburundi mw’Isoko rusangi ryo kwiyunguruza n’indege rizozana akarusho kanini

Uburundi bugiye kwinjira mw’Isoko rusangi ryo gutwara ibintu n’abantu hakoreshejwe ikirere. Ivyo bishobora gufasha mw’igabanuka ry’ibiciro vyo kwiyunguruza n’indege ku mugabane wa Afrika bisanzwe bizimvye gusumvya ku yindi mugabane. Bisigurwa n’ishirahamwe rijejwe igisata co kwiyunguruza n’indege, inyuma y’ibikorwa ryaremesheje ku wa gatatu uheze. Elie Ntacorigira arirongoye, akizera ko ivyo bishobora gutuma Uburundi bugira ingenzi nyinshi.