Bamwe mu bacamanza barateje isoni urwego rw’ubutungane kuko badakwirikiza akarangamutima k’urwo rwego. Ni igihe umukuru w’Igihugu yari yagiye mu ntara ya Karusi gutanguza isekeza ryo gukwirikirana ingene imanza zaciwe ziriko ziraja mu ngiro. Evariste Ndayishimiye akaba afatira ku rubanza rw’umunyeshure yaheruka gupfungwa yagirizwa kumena amabanga y’akazi mu Kirundo, mu gihe yaheruka kwitwarira umuyobozi yashaka kumushurashuza. Akaba agabisha ko agiye gukwirikirana bene ayo madosiye y’abarimu bashaka kugoba izo baragiye.
Amakuru
19 juillet 2023