Amakuru
12 juillet 2023

Abashingamateka n’abakenguzamateka bagiye gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasoko ya leta

Amasoko ya leta ategerezwa gutunganywa kandi agatangwa hisunzwe amategeko. Inama nshingamateka na nkenguzamateka zikaba ziyemeje kubikurikirana kugira vyubahirizwe. Nestor Ntahontuye, arongoye umurwi ujejwe ubutunzi mu Nama nshingamateka, avuga ko amasoko ya leta ategerezwa gushirwa mu ngiro hisunzwe ingendo nshasha yategetswe n’umukuru w’Igihugu yitwa « Budget-programme », kugira ibikorwa vyose bitange umusaruro kandi mu gihe gito. Yabivugiye mu bikorwa vyo kwigisha abashingamateka n’abakenguzamateka ku bijanye n’amasoko ya leta i Ngozi.