Amakuru
12 juillet 2023

Abarundi kugira batere imbere bategerezwa kubanza kugabanya imvyaro, ntihagire uwurenza abana 3

Harakwiye kugabanywa imvyaro ntihagire uwusubira kurenza abana batatu. Ako ni akamo katewe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa 11 Mukakaro, usanzwe ari umunsi mpuzamakungu witiriwe abanyagihugu. Umukuru w’Igihugu akabwira Abarundi ko bitagenze gutyo iterambere ridashoboka.