Gukomeza imigenderanire myiza n’abafasha Uburundi ni kwo kuzotuma Uburundi buronka amafaranga mvamakungu y’agaciro. Bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira Abarundi guhindura ingendo. Hari mu ruganda rwatunganijwe n’iryo shirahamwe kuri uyu wa gatatu. Faustin Ndikumana ahanura ko kimwe mu vyo Uburundi bwokora kugira iyo migenderanire ishoboke harimwo kwishura ideni bufitiye amakungu ubu rirenga amafaranga imiliyaridi ibihumbi 5 z’amarundi.
Amakuru
7 juillet 2023