Amakuru
30 juin 2023

Humvikanywe gukwirikiranira hamwe ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro mu buseruko bwa Congo

Amasezerano y’amahoro n’umutekano yahagarikiwe n’akarere mu buseruko bwa Congo si ayo gufata minenerwe. Vyafundikiwe mu nama y’inyabune yabereye i Louanda muri Angola kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yaritabiriye iyo nama. Umuvugizi wiwe, Rosine Guilène Gatoni, amenyesha ko abakuru b’Ibihugu vyo mu karere babonye ko ayo masezerano ari kirumara kugira bishoboke gutsimbataza amahoro n’umutekano muri Congo.