Amakuru
9 février 2021

Evariste Ndayishimiye ntiyari akwiye kwidoga, ahubwo yari akwiye gufata ingingo zotuma ibintu bihinduka mu gihugu

Ku mvugo y’umukuru w’igihugu, ngo Evariste Ndayishimiye ntiyari akwiye kwidoga, ahubwo yari akwiye gufata ingingo zotuma ibintu bihinduka mu gihugu. Bivugwa  na Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu. Agahanura uwo aramutswa Uburundi uno munsi ko yari akwiye gutunganya gushasha umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD nimba ashaka gutwara neza, kuko harimwo benshi mubawugize barangwa no kwica be no gusahura amatungo y’igihugu.